02/11/2025
It's up to us to choose better my friends.🥰👏
MICHA BUNTU OFFICIAL
02/11/2025
It's up to us to choose better my friends.🥰👏
19/12/2023
Amahoro y'Imana arut'uko yomenywa n'umuntu wese abe muri twe abakiri bazima,namwe abakurikirana Ijambo ry'Ubuzima mukomeze guhezagirwa cane.
Uyu musi twipfuje gusangira Ijambo ry'Ubuzuma tubona muri Matayo 25:14-18 ahatubwira ivy'UMUGANI W'ABABIKIJWE ITALANTO.
1.Uwabikije Italanto:IMANA DATA WA TWESE.
2.Ababikijwe Italanto:BURI MUNTU WESE MUBAREMWE N'IMANA.
3.Italanto(Impano):NI BURI MAHIRWE CANK'IMIGISHA DUHABWA HABA M'UBURYO BWA RUSANGI CANKE KUGITI CA MUNTU.
Ariko akenshi ntiduha agaciro Imigisha twahawe n'Imana canke duhabwa nayo mw'ubu buzima nk'italanto twabikijwe tuzobazwa uko twazikoresheje nyuma ya vyose nka:
✨Ubuzima(Kuba turiho).
✨Umwanya(Igihe).
✨Ibihimba vy'umubiri(Amaboko yo gukora,amaguru yo gutambuka,amaso yo kubona,....)
✨Ubutunzi canke Amafaranga,......
Nk'uko vyavuzwe mw'uwu mugani niko biri Italanto twahawe kutazikoresha ico zigomba gukoreshwa dukor'ubugombe bw'Imana bituma haba kuzakwa,Uwahora avuga akaba Ikiragi,awarafise amaboko akayakwa,uwar'afise amaguru akayakwa akab'ikimuga,uwari afise amafaranga agakena akab'umutindi n'ibindi bishobora kugenda birtyo kubwo gukorehsa Italanto(Impano canke umahirwe) nabi uko twigombeye nyuma ya vyose amaherezo akazoba Gehinomu,umuriro udahera.
Reka dusab'Imana Nyen'amahoro n'Urukundo iduhe gusobanukirwa ivyo gukora biyihimbara mumpano yaduhaye tuziyihimbarishe dukora ubugombe bwayo.Amen.👏👏👏
28/11/2023
y'Imana Ishobora vyose abane namwe bantu mubana natwe tugasangira Ijambo ry'ubuzima,reka mbipfuriz'umugoroba mwiza,ndanabahe mwiriwe cane👋👋👋 #
Uyu musi nkaba nishimiye ko twokwibaza cane twese hamwe nk'abakiriho kuvy'aya majambo Yesu Kristo yavuze muri MATAYO 25:1-5.
Tugomba gutahura ibivugwa muvungo ngereranyo yakoresheje mumajambo yiwe:
1.Umukwe:Yesu Kristo ubwiwe
2.Inkumi 10:Ababa kw'isi twese nk'abarindiriye ukuza kwiwe nk'umukwe aje gutor'umugeni wiwe.
3.Amatara:Ijambo ry'Imana(Umuco)
4.Amavuta:Mpwemu Yera(Mutima mweranda)
Biraca bitomoka neza kumbure dutahure neza ivy'aya majambo,ariko reka tuzirikane ubusobanuro bwa Bibiliya busobanura aya majambo bugira buti:
uhagarariwe n'inkumi zitagira ubwenge ntabwo ari indyarya. Bubaha ukuri, bashigikiye ukuri, bakwerwa n'abariko
bizera ukuri; ariko ntibitanze ngo Mpwemu Yera abakoreshe. Ntibaguye ku rutare, Kristo Yesu, ngo bemere ko kamere yabo ya
kera ipfa. Uyu mugwi ugereranywa kandi n'ivu ry’amabuye. Bakira ijambo biteguye, ariko bananirwa guhuza n'amahame yaryo.
Ingaruka zayo ntizigumaho. Mpwemu akora ku mutima w'umuntu akurikije icipfuzo ciwe n'ubushake akamuremamwo kamere
nshasha; ariko umurwi ugereranywa n'abakobwa bibipfu banyuzwe n'igikorwa kitagaragara. Ntibazi Imana. Ntibize imico yayo;
ntibasabanye na We; kubw'ivyo, ntibazi kwizera, ntibazi ingene boraba bakabaho. Ibikorwa vyabo bakorera Imana bigenda
bihinduka bita ishusho. # Christ object Lessons P.411
Iman'idufashe bantu b'Imana iturinde kuba inkuminz'imburabwenge kuko bigaragara ko binagoye kwimenya niba koko uri yo canke ndi yo Iduhe kuba abanyabwenge biteguriye gusanganira Umukwe Yesu Kristo agiye kugaruka vuba.Amen👏.
Ni Mwene wanyu MICHAEL BUNTUBWIMANA mwariko musangira ir'Ijambo ry'Ubuzima.
24/11/2023
y'Imana abane namwe abo yaremye ibishushanijeko,ibarema mw'ishusho yayo,kubw'ivyo mur'ab'agaciro mumaso yayo,niyo mpamvu yabacunguje amaraso y'igiciro c'umwana wayo YESU KRISTO kandi mur'abo nanje ndimwo kubw'ivyo tuyihimbaze uko bukeye n'uko bwije kuko irabikwiye ibihe vyose,mukomeze kumererwa neza aho muherereye mumpande zose z'isi uko mudukurikirana. #
Uyu musi twipfuje kuganira namwe ijambo rishimikiye kw'aya majambo yo MUVYAKOZWE N'INTUMWA 11:25-26 Hatwereka inkomoko y'ijambo canke izina:"ABAKRISTO."
Iri jambo canke izina ABAKRISTO Rigizwe n'amajambo 2 akurikira:
1.ABA: Ryerekana Kwegukira ikintu runaka canke umuntu runaka.
2.KRISTO:Izina YESU yahawe nyuma yo kubatizwa na Yohana agashingirwa intahe n'ijuru m'uburyo butandukanye vyabayemwo,risobanura ngo UWASIZWE.
ABAKRISTO Rero n'izina ryahawe abigishwa biwe haheze imyaka irenga 10 amaze gutandukana nabo agasubira mw'ijuru,ariko hari impamvu zatumye babita uko Imwe muri zo twokwibazako natwe n'iyi tubona muri Matayo 26:72-76.Aho Petero yihakana Yesu incuro 3 zose ariko abamubona n'abamwumva avuga bavuga bati nawe nyene warikumwe nawe ur'umwigishwa wiwebitayeko twovyibazako cane kuko birahambaye cane.
Benshi muri twebwe tuvuga ko turi ABAKRISTO ariko nkomeza kwibaza ubwanje nawe niwibaze nimba koko tur'ABAKRISTO NYABO abatubona batwitegereje IBIKORWA VYACU,IMVUGO ZACU,IMYIFATO YACU ITANDUKANYE,IMYAMBARO YACU, .....Ni koko bigaragaza ko tur'ABAGENDANYE KANDI TUGENDANA Na KRISTO?Ibaze nanje nibaze.
Birakomeye cane iki gihe aho usanga icitw'UBUKRISTO caramaze guteshw'agaciro n'agateka kaco n'imyifato mibi ya twebwe ababwiyitirira yamara ar'ubwo kumunwa gusa ariko ibikorwa vyacu bibuhakana 100%,Iman'itubabarire cane iduhe kwikosora bikwiye tube ABAKRISTO B'UKURI Bo mu mvugo no Mubikorwa.
Iman'ikomeze kubamper'umugisha cane iduhezagirane twese bantu mwese mwahisemwo neza,mu gukurikirana Ijambo ry'Ubuzima twahisemwo guhora dusangira namwe buri gihe,Muhezagirwe cane AMEN👏👏👏
22/11/2023
y'Imana abane namwe mwese abadukurikirana muri mumpande zitandukanye z'isi,mudukundire tubahe mwiriwe canke mwaramutse bigaterwa n'aho muherereye k'umugabane w'isi,tibipfurize kumererwa neza,amahoro n'umutekano biva ku Mana umuremyi.👋👋👋 #
Uyu mugoroba twipfuje gusangira namwe bantu mwahisemwo kudukurikirana kw'Ijambo ry'Ubuzima,uyu musi turifashisha aya majambo tubona mugitabo c'ubutumwa bwiza uko bwanditswe n'intumwa Luka 17:32-33 hagira hati:"32.Mwibuke muka Loti.33.Uzogerageza gukiza ubugingo bwiwe azobubura ,ariko uzoheba ubugingo bwiwe azoburokora."
Imfashanyigisho yo kuzirikana dukura mur'aya majambo n'iyi:
1.Nk'uko ari Yesu yariko abwira abigishwa biwe ivyerekeye igihe isambuka rya Yerusalemu hamwe n'umuhero w'isi bifatanye n'ukugaruka kwiwe ndetse n'ibimenenyetso bizoranga ukwegereza kwa buri kimwe mw'ivyo bishikiragihe yabibukije ko inkuru ya Muka Loti natwe twokwigirako gato:
✍️Muka Loti cokimwe n'umuryango wiwe babwiwe guhunga bakavamuri Sodomu aho baba kuko yarigira irimburwe n'umuriro arajana n'abandi ariko ageze hirya arenga kumabwirizwa bari bahawe yo kitaraba inyuma ab'inkingi y'umunyu.
Uko niko natwe iyo tumaze kumenya agakiza tukanakakira bitugendera kenshi,ivyaha twihanye,dukomeza guhindukira inyuma tubisubiramwo gurtyo satani akabona akaryo keza ko kutwishikiriza kandi nk'uko yishikirije ubugingo bwa muka Loti kandi bwari bwamucitse bukava muri Sodomu.
Iman'idufashe cane idushoboze gufata ingingo ibereye yo kuvavanura n'icitwa icaha cose,kandi iturinde kwongera kugisubiramwo ukundi,ariko dutere tuja mbere mugisagara c'ubuhungiro ari co YESU KRISTO ariho turonkera ubwihisho butavogerwa tukarokoka agatikizo kagiye gushikira Sodomu(IYI SI Y'IKI GIHE),Iman'ibidushoboze mw'izina rya Yesu.Amen
Mukomeze guhezagirwa no kuzigamwa n'Uhoraho,Mwarahezagiwe cane.
21/11/2023
y'Imana akomeze kubana namwe bantu b'Imana mudukurikirana kuri iyi page y'IJAMBO RY'UBUZIMA,twizera ko mur'amahoro aho muherereye mumpande zose z'isi.
Kur'uyu mutaga w'uyu musi nipfuje ko tuganira kw'iri JAMBO RY'UBUZIMA riboneka muri Bibiliya mugitabo c'Itanguriro 11:1-9 ritubwira kuvyerekeye UMUNARA W'I BABELI.
Imfashanyigisho nyamukuru zo kuzirikana zirimwo ni 2 nazo n'izi zikutikira:
1.KUBONA AMAHIRWE MUMIGISHA,IMIHEZAGIRO IMANA YADUHAYE TUKAYAKORESHA NEZA.
bantu bo mw'iki gijhe bari bafise amahirwe yo kuba bari bahuje ururimi,bashobora kwumvikana mumvugo atamupaka,nuko baj'inama n'i'gingo y'ico bokora,ninakwo natwe m'ubutandukane bwacu nk'abantu mubibano bitandukanye hari amahirwe yo kuba hari imwe mumigisha n'amahirwe twahawe tugomba gukoresha neza muntumbero yo kwitez'imbere no kugera kubitari bike mur'ubu buzima. #
2.GUSHIRA HAMWE INKOMEZI KUBW'IBIKORWA VY'ITERAMBERE
mfashanyigisho ishaka gusa n'iyambere ariko har'itandukaniro,iyambere n'ukumenya mbere amahirwe ahari n'imigisha y'ubushobozi bwogushoboza kugera kubintu runaka,hagakurikira kwumva ko wenyene nk'inyakamwe ushobora kugera kuri bike cane bikaba ngombwa kwumva ko tugomba ubufatanye mumpande zose z'ubuzima muntumbero yo kugera kure hashoboka no kuri vyinshi bishoboka #
Abasokuru bari baratahuye iri banga barayamaze bati:
🗞"NYAMWIGENDAKO NTARIMIRA IMPESHI."
🗞"INYAKAMWE INYAGA IMWE." n'ayandi majambo y'ubwenge nk'aya ashishikariza ubumwe abazi ayandi muyadusangize muri commentaires
N'ivy'ukuri UBUMWE NIZO NKOMEZI,muri iki gihe kigoye cane aho ukubaho kwa muntu gukomeza kuba ikibazo gikomeye cane abagiye bashika kure no kubikomeye kandi biramba mw'iyi si babishobojwe n'ayo mabanga 2 ahanini.
Iri niryo jambo ry'ubuzima nipfuje ko dusangira uyu musi,dukosh'amahirwe n'imigisha twahawe tukibifise(AMAGARA MEZA,IMIBEREH O MYIZA MUVY'UBUTUNZI,IGIHE CO KUBAHO DUFISE,.....) Tubikoreshe twubaha duhesh'icubahiro Iman'ibiduher'ubuntu.
RY'UBUZIMA,IMPAMBA YA BURI MUNSI # .AMEN👏
20/11/2023
y'Imana abane namwe bantu b'Imana aho muherereye mwese hari hahez'igihe kitari gito tutabaganiriza kw'ijambo ry'ubuzima Impamba y'uwizera wese ko Ijuru ririho kand'aribwo busuhukiro bw'abayobots'Imana nyuma y'irangira ry'isi n'iherengetezwa ryayo n'abanyavyaha,ariko kubw'amahirwe turagarutse kubana namwe kandi mugihe kitari gito kandi buri munsi atakituvangiye.
musi twipfuje gusangira namwe iri jambo ry'ihumure ku mitima yihebuye,yihebujwe n'ibibazo bitandukanye vy'ubuzima bugoye bwatewe n'i'garuka z'icaha,bikagereranwa n'abanyegiputa umusavyi w'Imana Mose yabwira ab'isarayeli yararongoye aberekeza mugihugu c'isezerano(KANANI) ko batazongera kubabon'ukundi Uhoraho agira abagwanirire ababatsindire.
Ninakwo biri kuri wewe nanje dutew'ubwoba n'ibibazo biduhanamiye bitandukanye,Zishobora kuba AMAGWARA,UBUKENE,INZARA,GUPFISHA,UBUPFUVYI,N'ibindi bitandukanye,ijambo ry'ubuzima riratubwiye riti:"Mukwizera twihagararire gusa turabe agakiza Iman'igira ngw'ituzanire uyu musi,kuk ivyo bibazo igiye kubidukiza.
Nuko abadukurikirana mwese kw'IJAMBO RY'UBUZIMA Turabipfurij'umusi mwiza wo Gutabarwa abanyegiputa babomy'Inyuma bashaka kubagumiza m'ubuja.Amen👏👏👏✍️✍️✍️
03/09/2022
Nuko biri, tuvuze ko nk'ubu indwi iheze aho bukera tuzoba dutanguy'iyindi ndwi nshasha ntaho tuba twihenze naho bamw bazi ngo uyu musi ngo ni kuwagatandatu✍️✍️🤷♂️🤷♂️, iryo n'ijambo ry'Imana yaremy'ijuru n'isi.
Je vous souhaites un bon sabbat vous tous mes amis là où vous êtes partout au monde entier🖐️🖐️🖐️
12/07/2022
Bibiliya mugitabo ca Yesaya 4:1 iti:"Uwo musi abakobga ndwi bazofata umugabo umwe, bamubgire, bati Tuzokwirira ivyo kurya vyacu, tuzokwiyambika impuzu zacu: kimwe gusa, uduhe kukwitirirwa izina ryawe, nawe uduteturure."
Bamwe bitw'indaya n'abandi bameze nkabo batabigaragaza k'umugaragaro bati:"Mwabagore mwe mufis'abagabo mwit'abanyu mutuze,urwamo rube ruke Bibiliya irabitomora neza uwo mugabo s'uwawe wenyene namba ubonye jewe wibuke ko inyuma har'abandi 5 bagisigaye donc ngo bakwire 7,aho rero ntushir'urwamo hejuru🙄🙄🙄.
Noneho vyamaze kuba vyeranda umugabo arashingirwa n'abagore barenz'umwe imbere y'amategeko mubice bimwe bimwe vyo kw'isi nk'uko mubibona aho hepfo kw'iyo photo🤷♂️🤷♂️🤷♂️
Ariko sinibaza ko Yesaya avugishwa n'Imana ayo majambo yariko avug'abagore bugore umwe wes'uko avyumva duhurire muri comment👇👇👇
09/07/2022
Mbeg'ibihe bigoye🙄🙄🙄
09/07/2022
Igitondo ciza kuri mwese👋👋👋👋