04/06/2026
🚴🏾♂️🌍 “Cyclonudista” Abanyonga amakinga bambaye ubusa i Buruseri kugira baharanire ibidukikije n’ukwemera imibiri yabo uko iri
Ku wa 20 Ruheshi 2026, mu gisagara ca Buruseri mu gihugu c’Ububiligi, hazobera imyiyerekano idasanzwe yitwa “Cyclonudista”, aho abantu bazotembera ku makinga bambaye ubusa. Naho bishobora gutangaza benshi canke gutuma bamwe bamwenyura, ubutumwa bw’iyo myiyerekano burakomeye cane kandi bufise intumbero ihambaye ku kibano.
Uwuserukira uwo mugwi, Jérôme Jolibois, asigura ko kwambara ubusa ari uburyo bwo gukwegera abantu no gutuma ubutumwa bwabo bwumvikana cane mu makuru no mu kibano. Avuga ko hari n’iyindi myiyerekano y’abakoresha amakinga ibaho buri kwezi ikitabirwa n’ibihumbi vy’abantu, ariko ntivugwe cane mu binyamakuru. “Cyclonudista” rero ikoresha uburyo budasanzwe kugira ikibazo c’amakinga n’umutekano w’abayagenderako cumvikane cane.
Iyo mouvement yatanguye muri Espagne mu mwaka wa 2001, hanyuma iza gukwiragira mu bihugu birenga 70 kw’isi yose biciye mu gikorwa citwa “World Naked Bike Ride”. Mu Bubiligi yatanguye mu 2006, aho abayitanguje bashaka kwiyamiriza uburyo ibisagara vyubatse bishira imbere cane imodoka kurusha amakinga.
Jérôme avuga ko Buruseri ari igisagara cahawe umwanya munini imodoka, ku buryo abanyonga amakinga batumva batekanye. Kwambara ubusa rero ni ikimenyetso cerekana ko abanyonga amakinga ata “carrosserie” canke uburinzi bagira nk’ubw’imodoka. Bashaka kwereka abantu ko abanyonga amakinga bashobora gukomereka vyoroshe igihe habuze ibikorwa remezo bibakingira.
Uwo mugwi kandi uraharanira ibidukikije. Ubu mu bisagara vyinshi, imiryango imwe ishobora kugira imodoka zibiri canke zirenga, ivyo bikongera uguhumanya ikirere no guteza ikibazo c’uruja n’uruza. Abo banyamakinga bavuga ko amakinga ari uburyo bwiza bwo gukora ingendo ngufi mu gisagara, kuko adahumanya ikirere kandi afasha kugabanya uruja n’uruza rw’imodoka.
Ariko kandi, bavuga ko abantu benshi bagitinya gukoresha amakinga kubera ikibazo c’amabarabara n’ahagenewe amakinga hakiri hake. Jérôme atanga akarorero k’ahantu hamwe na hamwe muri Buruseri bigoye cane kunyuramwo n’ikinga kubera umutekano muke.
Uretse ibijanye n’ibidukikije n’umutekano, “Cyclonudista” irafise n’ubutumwa bwagutse ku kuntu abantu babona imibiri yabo. Abo bitabira iyo myiyerekano bavuga ko bashaka kwereka abantu ko umubiri usanzwe udakwiye gutera isoni. Babaza bati : “Kubera iki abantu badaterwa isoni n’imodoka nini zihumanya ikirere ziri imbere y’amashure, ariko bakumirwa no kubona umubiri w’umuntu?”
Iyo mouvement ifise kandi intumbero ya “bodypositive”, ni ukuvuga gufasha abantu kwemera imibiri yabo uko iri, ata kwishira ku rugero rw’ubwiza rushirwaho n’imbuga ngurukanabumenyi canke ama publicités. Bashaka kwereka isi imibiri isanzwe, ata guhisha canke kwiyumva nabi.
“Cyclonudista” rero si ugutembera gusa umuntu yambaye ubusa, ahubwo ni ubutumwa bwo guharanira umutekano w’abanyamakinga, kurengera ibidukikije no gukangurira abantu kwemera imibiri yabo no kwubahana.
✍️Prof Samuel Ntahiraja
02/06/2026
📍 : Umutumba wa Rushima hagati y’amahoro, amatati y’amatongo n’itituka ry’indero
Kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi 2026, twazindukiye ku mutumba wa Rushima, uri muri komine Mugina, intara ya Bujumbura, kugira twumvirize ubuzima bw’abenegihugu baho, akahise kabo hamwe n’ingorane zugarije uwo mutumba muri kino gihe. 🎙️🏞️
Muri urwo rugendo, twaganiriye na NIYONSENGA Charlotte, umuhanuzi (conseillère) w’umukuru w’umutumba wa Rushima, adusangiza ivyaranze uwo mutumba kuva mu bihe vy’intambara gushika ubu. 🗣️
🔴 Charlotte yavuze ko nk’uko igihugu caciye mu bihe bitoroshe vy’intambara, n’umutumba wa Rushima nawo warahungabanye cane. Abantu benshi barataye izabo, abandi bahunga igihugu, mu gihe hari n’abahasize ubuzima. 😢🕊️
Ariko intambara iheze, abari barahunze baratanguye guhunguka, basubira mu matongo yabo no mu buzima busanzwe. Ubu ngo amahoro arahari, kandi abenegihugu babanye neza. 🤝🏾🌿
Naho biri uko, hari ikibazo kimwe gikomeye kibandanya kubatera ubwoba no kubabuza umutekano : 👉 “Amatati y’amatongo”. ⚖️🌍
Twarabibashikirije munkuru yacu yo mu mwaka 2025 👇 https://www.facebook.com/share/p/1ER6WjvRoW/
Charlotte yavuze ko ayo matati amaze imyaka myinshi kandi ko abandanya guteza uruhagarara mu mitima y’abanyagihugu. Hari abantu baza babwira bamwe mu banyagihugu ko bakwiye kuva mu matongo basanzwemwo, canke bakasubira kuyagura bushasha kandi bavuga ko ayo matongo ari ay’abavyeyi babo, bayarazwe kuva kera kandi bayavukiyemwo. 🏡😟
Yongeye avuga ko hari n’abatware bo kuri uwo mutumba bagiye barafungwa bazira ko bahagarariye canke baburaniye abenegihugu muri ayo matati y’amatongo. 🚔⛓️
Kubwiwe, ico kibazo gikwiye gutorerwa umuti n’inzego za reta kugira amahoro n’umutekano birame kuri uwo mutumba. 🙏🏾🇧🇮
🎓 Mu gisata c’indero n’ukurerwa kw’abana, Charlotte yavuze ko indero ya kera itakimeze nk’iy’ubu. Yibukije ko abana bo hambere bahimirizwa kwifata neza, kwubaha abandi no kwambara bakikwiza. 👨🏾👩🏾👧🏾📚
Ariko ubu ngo hari imyifato imwe imwe iboneka mu rwaruka iteye impungenge, cane cane uburyo bamwe mu bakobwa bambara impuzu zibegereye cane canke ngufi, ibintu abona ko bishobora gutuma irari ry’umubiri ryiyongera mu rwaruka. 👗⚠️
Yaranagarutse ku kibazo c’abana baheba amashure bakaja mu gisagara ca Cibitoke kurondera amafaranga bakiri bato. 🏙️💸
Kubwiwe, nihatagira igikorwa mu gufata ingingo zibereye, kazoza k’urwaruka rwo kuri uwo mutumba gashobora kuzogorana. ⏳🚸
🎧 Ikiganiro cose twagiranye na NIYONSENGA Charlotte muzogikurikirana kuri Radio Inamujandi FM 96.6 MHz, kuri uyu wa Mungu (Dimanche) isaha icenda z’umutaga (15h00) mu kiganiro “Ako Hambere”. 📻✨
✍️Prof Samuel Ntahiraja
02/06/2026
: SHY BLADDER SYNDROME
Hari abantu benshi babayeho ubuzima bwose bafise ikibazo batinya kuvuga kubera isoni. Ushobora kubona umuntu yinjiye muri toilette rusangi incuro nyinshi ariko ntashobore kwihagarika. Si uko adakeneye kwihagarika. Si uko ariko arakina. Hari igihe aba arwaye indwara yitwa Paruresis, canke “Shy Bladder Syndrome”.
Iyi ni indwara yo mu mutwe n’amarangamutima ituma umuntu adashobora kwihagarika igihe yumva ko hari abandi bantu bamwumva canke bamuraba. Hari abayifata nk’urwenya, ariko ku bayifise ni ikibazo gikomeye cane gishobora guhindura ubuzima bwose.
Hari abantu:
- batinya gukoresha toilette zo ku mashure,
- abandi bakanka gukora ingendo ndende,
- bamwe bakanka kunywa amazi menshi igihe bari hanze,
- abandi bagahora bafise ubwoba bwo kubura aho bihagarika.
Hari n’abashobora kwihagarika gusa bari bonyene muhira.
Iki kibazo gifitaniye isano n’ubwoba bukabije bwo gucirwa urubanza n’abandi (social anxiety). Iyo umuntu agize ubwoba, umubiri urahinduka, imitsi yo mu ruhago igafunga, amasobe ntasohoke naho umuntu aba abikeneye cane.
Ikibabaje ni uko benshi bacirwa urubanza:
“Uri kwikwegera ikibazo.”
“Ni ukwiyemera.”
“Ni ukudashaka.”
Ariko si vyo.
Paruresis ni indwara yemewe n’abaganga kandi iravurwa. Abantu benshi barafashwa biciye muri:
- therapy,
- relaxation,
- no kwimenyereza buhoro buhoro.
Ibi bitwigisha ikintu gihambaye:
Ntituzi intambara abantu barwana nazo mu mutima. Hari umuntu aseka kumurango ariko mw'ijoro akababazwa n’ubwoba ata n’umwe azi.
Reka twige kutacira abandi urubanza ningoga. Reka twige gutega amatwi no gutahura aho gutwenga canke guseka abandi.
Kuko rimwe na rimwe, umuntu aragira ikibazo kitaboneka n’amaso… ariko kiba kiriko kiramumara umutima buhoro buhoro.
✍️Prof Samuel Ntahiraja
02/06/2026
: Hatangujwe icese ikibazo ca Concours National
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi 2026, ni ho hatangujwe ku mugaragaro, mu gihugu cose c’Uburundi, ikibazo ca Concours National gitanga uburenganzira bwo kubandanya amashure y’inyuma ya shure nshingiro.
Aho twashoboye gushika ni muri komine Mugina, intara ya Bujumbura, ku ishure rya Lycée Communal Ruziba, aho abanyeshure bo mu mwaka w’icenda (9ème année) bari bamaze gukora ikibazo c’umunsi wa mbere.
Mu kiganiro twagiranye na bamwe muri abo banyeshure, bagaragaje akanyamuneza n’icizere. Bavuze ko ibibazo bakoze vyagenze neza kandi ko vyari vyoroshe kurusha uko bari babiteze.
Umwe muri bo yavuze ati :
“Twakoze mu mutekano no mu ituze. Ibibazo vyari vyoroshe kandi twizeye ko tuzotsinda neza.”
Ariko naho bishimye, bamwe muri abo banyeshure bavuze ko bafitiye impungenge ikibazo c’igifaransa kiri mu bizokurikira. Cane cane bavuga ko ibijanye na voix hamwe na discours bibagora kubitahura.
Bashimikiye cane kuri discours indirect et direct, bavuga ko batigeze babibasubiriramwo neza mu mwaka w’icenda, ahubwo bababwira gusa ko bavyize mu mwaka w’umunani (8ème année).
Tubibutse ko ikibazo ca Concours National catanguye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi 2026, kikazosozerwa ku wa kane.
✍️Prof Samuel Ntahiraja
31/05/2026
: Urwaruka rwafatiye akarorero kuri “Inamujandi” mu guteza imbere impano no kwiteza imbere
Mu gihe urwaruka rwinshi rwugarijwe n'ikibazo c'ubushomeri, hari urundi rwaruka rwo mu ntara ya Cibitoke rwahisemwo kwiyungunganya no gukoresha impano zarwo kugira rwiteze imbere. Urwo rwaruka rwafashe akarorero ku mugore w’intwari azwi kw’izina rya , umwe mu bagore baranze amateka y’Uburundi kubera ubutwari n’ubushingantahe bwiwe mu kurwanya ubukoroni mu myaka ya 1930.
Mu mwaka wa 2009, urwaruka cumi rwo ku mutumba wa Cibitoke, muri komine Cibitoke, rwiyemeje kwihuza rugamije guteza imbere impano no kwironkera akazi. Rwashinze umugwi rwita “Inamujandi”, mu kwibuka uwo mugore w’intwari yakoranije abagabo bo mu kugira bahagarare ku kuri no ku bwigenge bwabo.
Mu ntango, abo basore n’inkumi bakora imvyino z’akaranga mu birori bitandukanye nk'ubugeni, imanza z’ubugeni, imisi mikuru n’amasengesho. Barakina kandi amakinamico yigisha kandi ashimisha abantu. Uko imyaka yagiye irarengana, uwo mugwi waragutse cane ku buryo ubu abantu basaga 850, bo mukarere kose kahoze kitwa intara ya Cibitoke, biyita abakurikira akaranga ka Inamujandi, harimwo n’abagore 384.
Ariko ibikorwa vyabo ntivyagarukiye mu mwuga w’akaranga gusa. Baciye bashinga koperative yitwa Inamujandi, itera imboga n’ibiti vy’ivyamwa kugira biyongereze umwimbu n’amafaranga. Ivyo vyatumye benshi mu rwaruka baronka ico bakora kandi bongera bagira uruhara mu guteza imbere ubutunzi bw’imiryango yabo.
Ikindi gikorwa gihambaye cakozwe n’iyi koperative ni ugushinga iradiyo y’abanyagihugu yitwa – Ijwi ry’Umukozi. Iyo radiyo ifise intumbero yo gukundisha abarundi amateka y’igihugu cabo, guteza imbere ubukerarugendo no gutanga amakuru afasha iterambere. Mur'ako karere kahoze kitwa intara ya Cibitoke hari ahantu henshi hakwiriye gusurwa n’abakerarugendo, nk’amazi ashushe ya Ruhwa, umusozi wa Nakibuburu, amasumo n’amasoko ya Gatera, hamwe n’umusozi wa Bosi ufise ishusho y’inyabutatu idasanzwe.
Uretse gutangaza amakuru, iyo radiyo yararemeye akazi abantu benshi. Ubu ikoresha abakozi 11 bahoraho kandi ikaba yumvikana mu ntara zakera icenda z’Uburundi. Ivyo vyerekana ko iyo urwaruka rwihuje kandi rugakoresha neza impano zarwo, rushobora guhindura ubuzima bw’abantu benshi.
Iyo koperative iranafasha urundi rwaruka kwinjira mu bucuruzi buto buto. Nk’akarorero, uwushaka gukora imikate canke amakaravati arahabwa ifarini n’ibindi bikoresho vya nkenerwa kugira atangure. Inyuma y’igihe, asabwa kwerekana uko yashoboye kunguka no guteza imbere uwo murimo. Ubu buryo burafasha urwaruka kwiga kwihangira imirimo no kwiyubakira kazoza keza.
Naho biri uko, ntibabura ingorane. Baracarondera ikibanza gikwiye co gukoreramwo radiyo yabo, kandi ntibararonka amatongo yabo bwite yo kurimiramwo. Hari kandi ikibazo c’amafaranga menshi asabwa kugira bahindure umurongo radiyo ikorerako, ivyo bikaba bibaremereza mu gihe batarashika ku rwego rwo kwigenga mu vy’ubutunzi.
Inkuru ya Inamujandi iratanga isomo rikomeye: impano, ubumwe, ibikorwa n’ubushake birashobora guhindura ubuzima bw’urwaruka n’iterambere ry’igihugu. Aho kwama twidoga ku bibazo bidukikije, dukwiye kwigira kuri uru rwaruka rwa Cibitoke rwahisemwo gukora no kwubaka kazoza kabwo.
"Uwufise impano akwiye kuyikoresha, uwufise iciyumviro akwiye kugishira mu ngiro, kuko iterambere ritangurira ku muntu umwe afise indoto zo guhindura ubuzima bwiwe n’ubw’abandi."
✍️Prof Samuel Ntahiraja
23/05/2026
: 😴 KURYAMA WAMBAYE UBUSA : AKAMARO KAVYO KU BUZIMA BW’UMUBIRI NO KU MUTIMA
Abantu benshi baryama bambaye amapijama canke izindi mpuzu zo kurarana, ariko ubushakashatsi bwinshi bwerekana ko kuryama wambaye ubusa bishobora kugira akamaro kanini ku buzima. Naho bamwe bibaza ko ari akamenyero kadasanzwe, hari inyungu nyinshi umuntu ashobora gukuramwo igihe abimenyereye neza kandi akaryama ahantu hatekanye.
🔹 1. Birafasha gusinzira neza
Umubiri w’umuntu ukenera gukanya gatoyi kugira umuntu asinzire neza. Iyo uryamye ata mpuzu wambaye, ubushuhe burasohoka neza maze ugasinzira ningoga kandi cane. Abantu benshi bafise ikibazo co kudasinzira neza bashobora kubona ihinduka ryiza mu gutora itiro.
🔹 2. Bigabanya stress n’amaganya
Iyo umuntu asinziriye neza, ubwonko n’umubiri biraruhuka. Ku bubakanye, gukoranako urukoba ku rundi bituma umubiri urekura amisemburo ituma umuntu yumva atekanye kandi akunzwe. Ivyo birafasha kugabanya stress n’umunaniro wo mu mutwe.
🔹 3. Birafasha urukoba guhema neza
Impuzu nyinshi canke zikomeye zishobora gutuma umubiri ubira ibyuya mw’ijoro. Kuryama wambaye ubusa bituma urukoba ruhema neza kandi bikagabanya ubushuhe bwinshi n’uduheri tumwe tumwe.
🔹 4. Birongereza ukwiyemera
Hari abantu benshi batinya canke batishimira imibiri yabo. Ariko umuntu amenyereye kubona no kwemera umubiri wiwe agenda arushiriza kwiha agaciro no kwiyizigira. Kwemera uwo uri we ni intambwe ikomeye mu kugira amahoro yo mu mutima.
🔹 5. Birakomeza urukundo hagati y’abubakanye
Ku bubakanye, kuryama batambaye impuzu birashobora gutuma biyegereza cane, bakubaka ukwizigirana no kuganira neza. Urukundo ntirwubakwa gusa n’amajambo, rwubakwa no mu buryo abantu bumva batekanye bari kumwe.
🔹 6. Bishobora gufasha umubiri kuguma ufise amagara meza
Iyo umuntu asinziriye neza, umubiri urakora neza :
✔ amaraso agatembera neza,
✔ ubwonko bukaruhuka,
✔ umubiri ukaronka inguvu nshasha,
✔ urukoba rukamera neza.
📌 Ariko rero, hari ibintu bikwiye kwitwararikwa :
✔ Icumba uraramwo gikwiye kuba gisukuye kandi gifise ubushuhe bukwiye.
✔ Amashuka akwiye guhorana isuku.
✔ Umuntu ntakwiye gukora ikintu atamenyereye neza gukora canke kimutera isoni nyinshi.
⚠️ Kuryama wambaye ubusa si itegeko kandi si ngombwa ko abantu bose babikora. Igihambaye ni uko umuntu aronka itiro ryiza kandi akumva atekanye.
💡 INYIGISHO IKOMEYE :
Abantu benshi bita ku mpuzu zo hanze ariko bakibagira kuruhura imibiri n’imitima yabo. Umubiri wawe urafise agaciro kandi urakeneye kuronka umwanya wo kuruhuka. Kwikunda no kwiyitaho bitangurira ku tuntu duto duto dukora buri musi.
Ntukwiye kugira isoni z’umubiri wawe. Wige kuwemera, kuwitaho no kuwubaha. Iyo umuntu yiyemeye, araruhuka mu mutima kandi akagira amahoro menshi mu buzima.
😌 Ijoro ryiza ritanga umusi mwiza.
Mbega wewe ubona kuryama wambaye ubusa vyoba bifise akamaro? 🤔
✍️Prof Samuel Ntahiraja
23/05/2026
🌍 UMUSI MPUZAMAKUNGU WA AFURIKA – 25 RUSAMA 🌍
Buri wa 25 Rusama ni umusi twibuka ishingwa rya Organisation de l’Unité Africaine (OUA) ryashinzwe mu 1963, ryaje guhinduka Union Africaine.
Ni umusi wo kwibuka urugamba rw’intwari zarwaniye ukwikukira kwa Afurika, ubumwe bw’Abanyafrika n’iterambere ry’umugabane wacu.
Mu Burundi,ibirori bizobera kuri Stade Intwari biyobowe na Nyenicubahiro Umukuru W'igihugu, Evariste Ndayishimiye,akaba ari WE arongoye uwo muryango.
Afurika ni umugabane ufise:
✅ Ubutunzi bwinshi
✅ Urwaruka rwinshi kandi rufise inguvu
✅ Imico n’akaranga bikomeye
✅ Kazoza keza igihe twunze ubumwe
“Nihagira ubumwe, amahoro n’akazi, Afurika izoshobora gutera imbere kurusha uko vyigeze kubaho.”
Twese hamwe dukomeze gukunda Afurika no kuyubaka. ✊🏾🌍
20/05/2026
📚🇧🇮 BURUNDI / INDERO : Abanyeshure bo mumwaka w'icenda barenga 85.000 biteguriye gukora Ikibazo ca Leta ca 2026
Ikibazo ca Leta kizotangwa kuva igenekerezo rya 2 gushika ku rya 4 Ruheshi 2026 mu gihugu cose c’Uburundi.
Mu gisagara ca Bujumbura, igenekerezo rya 20/05/2026, Ubushikiranganji bw’Indero n’Ubushakashatsi bwamenyesheje ko abanyeshure bashika ku 85.910 bazokora Ikibazo ca Leta kibinjiza mu mashure ya post-fondamental. Muri abo, harimwo abakobwa bashika ku 52.000 n’abahungu 33.910.
Iryo tangazo ryashikirijwe na Burikukiye Hermenegilde, umunyamabanga ntayegayezwa ajejwe amashure matomato, amashure shingiro hamwe n’ayisumbuye, mu gihe hatanguzwa ibikorwa vyo gutegura ibibazo bizokorwa muri ico kiringo, mu nyubakwa z’ikigo RPP.
Abanyeshure bazokora ibibazo mu vyigwa bitandukanye birimwo :
➤ Ibiharuro (Mathématiques)
➤ Igifaransa
➤ Ikirundi
➤ Icongereza
➤ Igiswahili
➤ Ubumenyi n’ubuhinga (Sciences et Technologies)
➤ Ubumenyi bw’imibano (Sciences humaines)
➤ Kwihangira imirimo (Entrepreneuriat)
Iki kibazo ca Leta ni intambwe ikomeye cane ku banyeshure b’Uburundi kuko kibafasha kwinjira mu mashure yisumbuye no kubandanya urugendo rwabo rw’inyigisho.
🙏Leta isaba abanyeshure kwitegura neza, abavyeyi n’abarezi nabo bagafasha abana kugira bakore neza kandi bateze imbere igihugu biciye mu bumenyi.
20/05/2026
🌐💻 Ibihugu bikomeye ku isi biriko birarushiriza guteza imbere ubushobozi bwo gukora ibitero vya cyber (Offensive Cyber Capabilities).
Ibihugu vya “Five Eyes” birimwo 🇺🇸 Amerika, 🇬🇧 Ubwongereza, 🇦🇺 Australia, 🇨🇦 Canada na 🇳🇿 New Zealand bivuga ko gukorera mu muco no gukoresha ubwo bushobozi hakurikijwe amategeko mpuzamakungu bishobora gufasha kubungabunga umutekano wa cyberspace.
Amerika yavuze ko ibihugu birenga 30 bifise canke biriko birubaka ubushobozi bwo gukora ibitero vya cyber. Ivyo vyatumye hashirwaho umugambi witwa “Cyber Deterrence Initiative (CDI)” ugamije gufatanya mu guhana ibikorwa bibi vya cyber bikorwa n’ibihugu canke imigwi y’abahinga mu buhinga bwa internet.
Ariko hari ibihugu nka 🇷🇺 Russia, 🇨🇳 China na 🇮🇷 Iran bisaba ko hobuzwa ikoreshwa ry’ubwo bushobozi, bivuga ko bishobora guteza intambara zo muri cyberspace.
🔎 Isi iriko yinjira mu gihe gishasha c’intambara z’ikoranabuhanga, aho amakuru, internet n’ubuhinga bwa cyber bishobora kuba ibirwanisho bikomeye kurusha ibisasu.
20/05/2026
🌍 Afurika yoshobora kuzocikamwo ibice bibiri umunsi umwe!
Abashakashatsi bavumbuye ko “Rift” yo muri Afurika iriko iraguka cane munsi y’ubutaka, cane cane mu bice vya Afurika y’ubuseruko n’uburengero. Mu bushakashatsi bwakorewe muri Zambiya, basanze imyuka iva kure cane munsi y’isi ari ikimenyetso c’uko ubutaka buriko buratandukana buhoro buhoro.
📌 Ivyo bishobora gutuma:
Afurika yicamwo ibice bibiri mu myaka miliyoni iri imbere,
hakavuka inyanja nshasha hagati muri Afurika.
🌋 Ibi si ibintu bizoba ejo canke vuba nka muri films z’ibiza, ahubwo ni igikorwa ca géologie kigenda buhoro cane kuva mu myaka miliyoni myinshi.
🌍 Ibihugu biri mu karere ka Rift nka: Burundi, Rwanda, Kenya na Democratic Republic of the Congo biri muri ako karere kariko karahinduka munsi y’ubutaka.